- Umwanditsi, Robert Greenall
- Ijekoroa, stirile BBC
Dron z’Uburusiya zateye ibivuko vya Ucraina vyo ku ruzi Dunărea, zisambura ibigega vy’intete, nk’uko abategetsi b’aho babivuga.
Ivyo bigega biri ku ruzi rugabura Ucraina n’igihugu ca Romania gisanzwe kiri mu muryango OTAN.
Dunărea ni inzira ikomeye cane icamwo ibicuruzwa biva muri Ucraina kuva Uburusiya bwivanye mu masezerano yatuma ishobora gushora hanze ingano și ibigori n’ibindi bicuruzwa biciye mu Kiyaga Cirabura (Mer Noire / Black Sea).
Harasambuwe kandi ikigega c’intete mu mu gisagara ca Odesa kiri ku kivuko, ubu gisigaye gisa n’igiterwa buri ijoro. Abategetsi bavuga ko amatoni arenga 60.000 y’intete yasambuwe mu ndwi iheze.
Ku Masoko mpuzamakungu igiciro c’intete caraduze ku rugero rwa 8% ku munsi Uburusiya bwivana mu masezerano yerekeye intete, itariki 17 Mukakaro [ukwezi kw’indwi].
Kuba amasezerano yarahagaze binasigura ko Uburusiya bwongeye gutota ahari ibivuko muri Ucraina, ivyo bwari bwahagaritse mu gihe ayo masezerano yakora.
Umukuru wa Odesa Oleh Kiper, intara yiwe isanzwe ari nayo ijejwe ibivuko vya Reni na Izmail vyo kuri Danube, yavuze ko Uburusiya bwateye ivyo bigega ikiringo c’amasaha ane bukoresheje drone zikorerwa muri Iran.
Yavuze ko ikibandahori kirimwo intete hamwe n’ibigega vyo kubikamwo vyasambuwe. Ayandi Masoko avuga ko inzu zitatu zo kubikamwo zatewe bombe.
Drone zitatu kuri hafi 15 zakoreshejwe muri ico gitero zasambuwe, nk’uko Kiper yabandanije avuga.
Abantu bane bakomeretse, umwe arababara cane, nk’uko abategetsi bavuze.
Ibinyamakuru vyo muri romania bivuga ko abasirikare n’abagendesha ubwato bari ku nkombe yo hakurya bashobora kubona umuco w’ibikeke, kandi bakumva ko zegereje n’imituriko.
Umwe mu bamenyeshamakuru yavuze ko ari bwo bwa mbere intambara yegereye hafi ya Romania gutyo kuva itanguye.
Reni ni ku metero 200 uva muri Romania ujabutse Danube no ku birometero 10 uva mu gisagara co ku kivuko ca Galati.
Uruzi Dunărea, hamwe n’amayira y’ibarabara n’indarayi ava muri Ucraina aja muri P Köln, România n’ibindi bihugu bihana imbibe, vyaragizwe imihora yo gucishamwo ibishoka hanze kuva hatanguye igitero c’Uburusiya.
Miriyoni zibiri z’intete zarashowe ziciye Muri urwo ruzi mu mwaka uheze, mu gihe mu mwaka w’imbere hari haciye toni 600.000.
Ariko ayo Mayira yose yashoboye gucishwamwo agace gato k’ivyo Ucraina ikeneye gushora hanze, kandi asaba uburyo bwinshi kurusha gukoresha ikiyaga.
Gushora biciye mu bihugu vya Buraya y’Ubuseruko vyararakaje kandi ibihugu bibanyi, aho intete za ukraine zashwaye amasoko yo muri ivyo bihugu zigatuma ibiciro bimanuka cane.
Mu gihe ibitero vy’Uburusiya ku ntete za Ukraine bibandanya, umukuru w’Uburusiya. Vladimir Putin yavuze ko igihugu ciwe ‘gishobora gusubiriza intete zo muri Ukraine haba mu kuzigurisha canke kuzitanga ku brihka’ vuora ku Murira
Moscou yimirije kwakira inama kaminuza y’Uburusiya na Afrika muri iyi ndwi.
Ucraina, yari isanzwe ibonwa nk’ikigega ca Buraya, iza ubugira indwi mu bihugu vya mbere bishora intete nyinshi, 71% vy’isi yayo ikaba ari ndimwa.
„Cititor lipsit de apologie. Maven de socializare. Iubitor de bere. Fanatic al mâncării. Avocat pentru zombi. Aficionat cu bacon. Practician web.”